28 Ord 4C 10
28 Ord 4C 10
ry’Ubuzima
mu muryango w’abakristu
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Tl 22 22 05 00 / 79 602 229 / 79 455 057
E-mail: sokoryubuzima@yahoo.fr
Site: www.isokoryubuzima.es.tl
Igiciro 40 fr
"N’ukuri kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu". (Ph.1, 21)
Iki kinyamakuru gifasha gutegera Ijambo ry’Imana mu misa no mu buzima
10/10/2010 Idominika ya mirongo ibiri n’umunani– umwaka C - N°41/2010
Ugusoma ishapule ni ukuninahaza Imana.
Turi mu kwezi kw’icumi, ukwezi kw’irozari. Ugusoma ishapule ni nk’ugusoma inkuru nziza. Kera bamwe bavuga
ngo ishapule ni nk’inkuru nziza y’abatazi gusoma ibitabo vyeranda. Bikira Mariya ntiyishira hejuru, ashira hejuru
Imana avuga ati : Umutima wanje uraninahaza Imana. Bikira Mariya yibona nk’umuntu yakunzwe n’Imana.
Uwuzi gutegera Mariya aca abona Imana muri we. Ishapule ni ukuninahaza Imana turi kumwe na Bikira Mariya.
Abirukira Bikira Mariya bamubona nk’akarorero, we yavuze ati: Imana yibutse umuntu wiwe mutomuto, kuv’u-
bu abantu bose bazonyita muhirwe. Hamwe na Bikira
Mariya twese turi abasavyi batobato b’Imana. Ni twi-
rukire Imana twigana Bikira Mariya. Uko Imana yahe-
zagiye Bikira Mariya niko natwe dushobora guhezagi-
rwa n’Imana ni twamwigana. Bikira Mariya yari azi
Imana, akitura rwose kuri yo. Kuri Bikira Mariya Ima-
na ni vyose: uburaro n’uburamuko, intango n’iherezo.
Ubuzima bwiwe, umushaha wiwe, ivyipfuzo vyiwe,
ivyiwe vyose birimwo Imana. Bikira Mariya ayagira
Imana, nico gituma ivyibukiro vy’ishapule bitwibutsa
ingene Imana yabanye n’abantu. Kuri jewe uwugura
igitabo ceranda ngo agisome canke uwugura ishapule
ngo ayisome aba aguze ikimuyagira Imana. Nico ki-
mwe n’uwugura isanamu ya Bikira Mariya akayimani-
ka mu nzu ngo imwibutse ivyiza Imana yagiriye umu-
gumyabanga twita Bikira Mariya. Dusabe ko gusoma
ishapule mur’uku kwezi vyodufasha gutegera ingene Imana yakunze igatera iteka Bikira Mariya, igakunda n’abo
bose bamwirukira bigana uwo muvyeyi w’agatangaza. Ewe Muvyeyi Bikira Mariya, urabona ingene mu Burundi
tugukunda; n’udufashe kwitura ku buvyeyi bwawe, tubashe gukunda no kuyoboka Imana twisunze akarorero kawe.